NEWS

Imbonerakure Ziti: “Hangama Ku Ngoma”.

on

Umugambwe CNDD-FDD Uheruka gukora igikorane kidasanzwe mu ntara ya Gitega aho abantu batari bake bava mu masengero bahuriye hamwe mu masengesho yo gushimira Imana, aho bamwe babonye ko CNDD-FDD werekanye ibimenyestso ko wasubije hamwe na bamwe bamwe mu bahoze batabona neza isubira gutorwa rya Pierre Nkurunziza.

Vyaragaragaye mu ndamukanyo hagati ya Pierre Nkurunziza na Simon Ntamwana, abahoze batabona kumwe ikibazo c’amatora ya 2020. Ifoto yabo baramukanya yarakwiragijwe ku buryo bigaragara ko CNDD-FDD iriko igarukana ‘intama zimwe zimwe zari zazimiye’.

Intumbero y’ico gikorane biragaragara ko ari ukwitegurira mu buryo bukwiye amatora ya 2020. Inyuma y’ayo masengesho, Umugambwe CNDD-FDD waratunganije umusi udasanzwe wahariwe imbonerakure, uwo musi ukaba witabwe n’abaserukizi b’urwaruka ruri mu migambwe iri ku butegetsi bava mu bihugu vya Turquie, Cameroun , Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, Tchad, Tanzaniya na Soudan. Urwo rwaruka rukaba rwarakoze urugendo rwo kwerekana”ububasha” kumurwa mukuru w’intara ya Gitega.

Ku musi wa gatandatu itariki 19 Myandagaro 2017, urwo rwaruka rukaba rwaciye ruhereza Pierre Nkurunziza ikibumbano kiriko ubutumwa bwerekana ko biteguriye 2020 buti: “Hangama ku ngoma”. Ivyo birori bikaba vyaritabwe nabahoze bari mu mugambwe uri ku butegetsi nka Alice Nzomukunda na Mathias Basabose baheruka kwemera guhunguka mu Burundi.

Recommended for you