NEWS

Imbonerakure zine zaciriwe uwo guherayo

on

Imbonerakure zine zo mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, zaraye ziciriwe umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose na Sentare yo mu ntara ya Muyinga.

Izo mbonerakure zine zikaba zagirizwa kugandagura umunywanyi wo mu mugambwe wa Agathon Rwasa, Gregoire Nsavyumukama, mu kwezi kwa Myandagaro 2019. Bakaba kandi baciwe no gutanaga amande angana na 4 300 000 FBU.

Nk’uko mu mugambwe CNL babivuga, iyo ikaba ari instinzi kuri bo na cane cane kuri iyi ntambwe yatewe n’Ubutungane bw’Uburundi; ariko uwo mugambwe ugasaba ko abo bose bagirwa n’ivyaha vyo guhohotera abanywanyi bawo borengutswa.

Abanywanyi ba CNL bakaba barategerewe n’izo mbonerakure mu ntara ya Muyinga maze bamwe barakomeretswa nizo mbonerakure.

Abarokotse bakaba baciye bafata zimwe muri izo mbonerakiure zine maze zikaba arizo zaciriwe umunyororo wo guherayo.

Mwomenya kandi ko umugamwe CNL usanzwe wagiriza imbonerakure za CNDD-FDD ko arizo ziri inyuma yihohoterwa ry’abanywanyi ba CNL bagirirwa.

Recommended for you