Mu ntumbero yo kugabanya umuvuduko munini w-ikiza ca Covid-19 uriko uribonekeza mu gihugu, Imanza hamwe n-iyindi misi mikuru bihuza abantu benshi bigiye kuza bikorwa ku misi ya gatandatu hamwe no kuw-Imana gusa. Iyo ngingo ikaba yafashwe n-umushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n-iterambere rusangi.
Ubwo bushikiranganji busigura ko irwirirana ry-imanza nyishi hagati mu ndwi riri mu bituma ico kiza kirwirirana cane. Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca asaba abajejwe intwaro n-abajejwe ivy-amagara y-abantu gusuzuma ko iyo ngingo iriko ishirwa mu ngiro.