Saturday, March 25, 2023
HomeNewsIkoreshwa ry’ifaranga rimwe mu bihugu bigize EAC ryigijwe inyuma imyaka indwi.

Ikoreshwa ry’ifaranga rimwe mu bihugu bigize EAC ryigijwe inyuma imyaka indwi.

Mu gihe mu mwaka uza wa 2024 ariho hari hategekanijwe ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gukoresha ifaranga rimwe mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, Iryo sango ryahavuye ryigizwa inyuma rishirwa mu mwaka wa 2031. Ivyo bikaba biri muvyapfunditswe mu nama y’abarongoye amabanki makuru y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko yabereye mu gisagara ca Bujumbura mw’iy’indwi turiko tusozera.

Kuba isango yo mu 2024 yo gushira mu ngiro umugambi wo gukoresha ifaranga rimwe muri EAC yigizwa inyuma , Abo barongoye ayo mabanki yo muri EAC baranga imvo zabitumye. Ubwa mbere n’uko ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko vyari vyapfunditse ko bigabanya ibihengeri vy’amafaranga bikoresha kugeza ku rugero rw’ibice 3 kw’ijana, yamara ngo nta gihugu na kimwe cabishitseko.

Iyindi mvo yabitumye akaba ari uko iduga ry’ibiciro bivurwa kovyavuye ku kiza ca Covid-19 hamwe no ku ntambara ihuza uburusiya na Ukraine.
Mw’iyo nama, Hakaba kandi hateweko umukono ku masezerano ajanye n’uko abanyagihugu bo muri EAC bagiye kuzoza bakoresha amafaranga y’ibihugu vyabo iyo batembereye muri kimwe mu gihugu kigize uwo muryango.

Must Read