NEWS

Ikiziga catowe imbere y’ahazokwubakwa ingoro ya CNDD FDD

By

on

Umuntu ataramenyekana yatowe ikiziga mu gatondo ko kuri uwu wa kane ku musozi Tankoma, intara ya Gitega.
Uwo mugabo yatowe imbere y’ikibanza gitegekanijwe kuzokwubakwamwo ingoro y’umugambwe CNDD FDD.

Nk’uko ababonye ico kiziga babishikiriza, biboneka ko uwo muntu yishwe akubiswe umupanga, abamwishe bakaba bataramenyekana.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega bavuga ko amatohoza yatanguye kugira uwo muntu amenyekane, hamwe n’abamwishe.

Recommended for you