Wednesday, June 7, 2023
HomeNewsIkiza ca Korera kiramaze kwibonekeza muri bumwe mu burere bw’igisagara ca...

Ikiza ca Korera kiramaze kwibonekeza muri bumwe mu burere bw’igisagara ca Bujumbura.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaraye butangaje kuri uy’uw’Imana ko ikiza c’indwara ya korera cateye mu gisagara ca Bujumbura .

Mw’itangazo bwasohoye, bumenyesha ko kuva kuwa 30 Kigarama 2022 gushika kuwa 1 Nzero 2023, abantu 12 aribo bamaze kumenyekana ko banduye iyo ndwara, maze abagera kuri indwi barakize. Muri abo , icenda ni abo muri zone Kinama , babiri muri zone ya Cibitoke hamwe rero n’umwe wo muri zone ya Buyenzi.

Nkuko biri ku rubuga rwa Twitter rw’ubwo bushikiranganji , umushikiranganji Sylvie Nzeyimana ari kumwe n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura bashitse muri zone ya Kinama ukwo vyifashe. Abanyagihugu bakaba basabwe gukurikiza amabwirizwa y’isuku kugira ntibandanye irandagata. Ishirahamwe ryo gutabara imbabare , Croix-Rouge ukaba wemeye kuzotanga amazi meza muri ako karere.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...