Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaraye butangaje kuri uy’uw’Imana ko ikiza c’indwara ya korera cateye mu gisagara ca Bujumbura .
Mw’itangazo bwasohoye, bumenyesha ko kuva kuwa 30 Kigarama 2022 gushika kuwa 1 Nzero 2023, abantu 12 aribo bamaze kumenyekana ko banduye iyo ndwara, maze abagera kuri indwi barakize. Muri abo , icenda ni abo muri zone Kinama , babiri muri zone ya Cibitoke hamwe rero n’umwe wo muri zone ya Buyenzi.
Nkuko biri ku rubuga rwa Twitter rw’ubwo bushikiranganji , umushikiranganji Sylvie Nzeyimana ari kumwe n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura bashitse muri zone ya Kinama ukwo vyifashe. Abanyagihugu bakaba basabwe gukurikiza amabwirizwa y’isuku kugira ntibandanye irandagata. Ishirahamwe ryo gutabara imbabare , Croix-Rouge ukaba wemeye kuzotanga amazi meza muri ako karere.