INTERNATIONAL NEWS

Ikiza ca Ebola Casubiye Gutera Muri RD Kongo.

on

N’imiburiburi abantu bashika kuri 17 baramaze gupfa bahitanywe n’ikiza c’ingwara ya Ebola mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo( mu burengero bw’Uburundi), niko ubushikiranganni bw’amagara y’abantu muri Kongo bwamenyesheje ejo ku musi wa kabiri.

Iyi ikaba ibaye incuro ya cenda ico kiza ca Ebola cibonekeje muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo, ubu hoho ikaba yibonekeza mu gace ka Kongo ko mu Buraruko bushira uburengero bw’ico gihugu.

Ubushikiranganji bw’amagara y’Abantu muri Kongo bwamenyesheje buti: “Igihugu cacu kiriko kirahangana n’ikiza ca Ebola, igituma haba ukugaba kudasanzwe mu vy’amagara y’abantu mu makungu…Turacafise abashobora kurandurana n’imizi ico kiza nk’uko vyabaye mu biza vyahaciye…”

Ikiza ca Ebola kikaba vyiyumvirwa ko coba gikwiragira gushika mu Burere bwa kure biciye ku buhungarema( Chauve-souris), ubushobora kubika uwo mugera wa Ebola budapfuye, kubera buca bwanduza ibindi bikoko bisangiye ibiti n’ubuhungarema, nk’inkende. Uwo mugera nawo ugaca ukwiragira mu bantu biciye ku nyama z’ibikoko vyo mw’ishamba, niko Guardian ibisigura.

Ikiza ca Ebola caheruka gutikiza inganda mu burengero bwa Afrika biriko vyiyumvirwa ko coba kigomba kwibasira Afrika yo hagati nayo. Abategetsi b’ibihugu bihana urubibe na Kongo harimwo Uburundi birakwiye gufata ingingo zishoboka kugira ntihabe uguhanahana uwo mugera kubera ukwiragira cane vyihuta.

Recommended for you