Umugera w-ikiza ca Covid-19 uriko urakwiragira ku rugero ruteye ubwoba muri iyi minsi mu gisagara ca Bujumbura . Zimwe mu nzego zikomakomeye z-igihugu harimwo urw-umukuru w-igihugu c-uburundi hamwe n-urw-inama nshingamateka haravurwamwo cane ico kiza. Abakorera mw-izo nzego batari bake bakaba baratowe ico kiza.
Amakuru dukesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi avuga ko ibice bishika 80% vy-abakozi bo mu biro vy-umukuru w-igihugu c-uburundi aribo bamaze gutorwa umugera wa Covid-19. Kuri uyu wa gatatu, n-abari bagiye ku kirimba binjira bose babanje gupimwa.
Mu ngoro y-amakoraniro y-inama nshingamateka iri muri Karitiye Kigobe havurwa ihungabana ry-ibikorwa bitewe ko abakozi b-urwo rwego hamwe n-abashingamateka batari bake batowe uwo uwo mugera. Kuri uyu wa gatatu, hari hiezwe umushikiranganji ajejwe umutekano aza gusigura itegeko rigenga abapolisi b-uburundi. Ariko indongozi indongozi zaragize amakenga baravye abakozi b-urwo rwego bitavye hamwe n-abahingamateka batowe uwo mugera. Niko kuzana umurwi ujejwe gupima . Ibitigiri vy-abatowe Covid-19 vyabaye vyinshi ku buryo ibikorwa vy-uwo musi vyaciye bihagarikwa , ibitigiribitegekanijwe n-amategeko bita «Quorum» kugira ngo bashobore gutora itegeko ntivyashobora gukwira, nkuko abari mw-urwo rwego rutora rukemeza amategeko y-igihugu babivuga.
Kuri uyu wa mbere, umushikiranganji mushasha w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA yaremeje iduga ry-ibitigiri vy-abanduye Covid-19 na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, ku murwa mukuru w-ubudandaji w-uburundi. Ariko uwo mutegetsi mukuru mu bushikiranganji bw-amagara y-abantu ntiyashimye gutanga ibitigiri vy-abanduye ico kiza.