NEWS

Ikivuko ca Bujumbura kigiye kwagurwa

By

on

Amafaranga angana imiliyoni 26 y’’amadolars niyo agiye gukoreshwa kugira ikivuko ca Bujumbura cagurwe. Ayo mafaranga akaba yatanzwe n’igihugu c’Ubuyapani mu mugambi wico gihugu wo gufashanya n’ibindi bihugu GICA nkuko bimenyeshwa na Gérard Nyandwi, arongoye ibikorwa vyo kukivuko bica mu mazi. Mu gihe ico kivuko cahora cakira amatone 300.000 ibikorwa biheze ico kivuko kizoshobora kwakira amatone 500.000.

Gérard Nyandwi ameneysha kandi ko igihugu ca Tanzaniya cahaye Uburundi ibikono bishika 20 vyo gushinguramwo igitoro. Gérard Nyandwi akamenyesha ko Uburundi bufise uburyo bwo gushikana ico gitoro m’Uburundi kandi ko bizofasha mu kubika igitoro. Arasaba abagwizatunga kuhakerebukira bakijukira umuhora mushasha wohagati uhuza ibisagara Dar-El-Salam na Bujumbura.

Recommended for you