NEWS

Ikirangamisi c’amatora yo mu 2020 carashizwe ahabona

By

on

Umurwi CENI ujejwe gutunganya amatora mu Burundi warahamagaje imigambwe ikorera mu Burundi hamwe n’abazokurikirana amatora yo mu 2020 hakaba harimwo abaserukira amadini, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike n’abaserukira ibihugu vy’abo mu Burundi kur’uyu wa gatanu kugira ubereke ikirangamisi c’amatora yo mu 2020.

Pierre Claver Kazihise, umukuru w’umurwi CENI, yamenyesheje ko amatora y’Umukuru w’igihugu azoba itariki 20 rusama 2020 hamwe n’ayabashingamateka n’abahanuzi b’amakomine. Amatora y’abakenguzamateka akazoba itariki 20 mukakaro 2020 nayo itariki 24 z’ukumunani 2020 hakazoba amatora y’abahanuzi bo kumitumba.

Abanyepolitike barashima ko ico kirangamisi kibonetse hakiri kare ariko bakabandanya bavuga ko bafise ibibazo vyo gushikira neza abanywanyi babo. Pierre Claver Kazihise yamenyesheje abanyamigambwe ko naho ico kirangamisi gishizwe ahabona kwiyamamaza bitaratangura.

Recommended for you