Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsIkintu Nzeyimana Mkombozi yakorewe n'umukobwa bahora bakundana, ucunvise hano kirababaje cane !...

Ikintu Nzeyimana Mkombozi yakorewe n’umukobwa bahora bakundana, ucunvise hano kirababaje cane !

Umuririmvyi rurangiranwa mukunda muri benshi ” Nzeyimana Mkombozi, ubu arababazwa n’umukobwa vyunvikana ko bari m’urukundo ariko mu nyuma ngo akamusigira ibiguma m’umutima bityo rero uno muririmvyi ubwiwe akaba yananiwe kwihangana ndetse anavuga ko yasanze umuziki ariwe mugore wiwe akunda kuko atanumusi numwe uramuhemukira.

Mkombozi

uno muririmvyi mumajambo ubwiwe yivugiye yagize ati : Nimba umuntu apfa ntibitangaje urukundo guhera,ndizeye ko nzokwibagira nibiguma bizokira,ndiko mbwira wewe nyene wewe,wafashe umutima wanje nk’ibuye uwucisha mumahwau mpendesha “je t’aime”.Nari narahevye gukunda niwe waje umwenyura umbwira ko uje kunkiza ibiguma n’inkovu nasigiwe n’urukundo,wiyita umu marayika w’umunezero.

Narinzi ko 2017 nanje nzokora ivyo Christian Nsavye na Sonia Nsavye Kwizera bakoze vuba(mariage).kumbe akari kumutima wawe kari ako!!?iyaba urukundo ari COMMERCE narikuba narasubiye KURIMA iNYANZA LAC,kuko uruhombo maze guhomberamwo,ruraruta umutahe.Ikimbabaje si uko umpemukiye ikimbabaje n’umwanya natakaje.NASANZE UMUZIKI ARIWE MUGORE ANKUNDA KUKO KUVA DUTANGURANYE URUGENDO NTARAMPEMUKIRA.

Must Read