Ikindi kirunga kiri hafi y’igisagara ca Goma caturitse inyuma y’iyinga imwe ica Nyiragongo gituritse kigatera abantu benshi guhunga.
Umuvugizi wa leta ya Kongo, Patrick Muyaya, yatangaje ko uyu munsi ikirunga ca Murara kiri mu gace atabakabamwo ka parike y’ibirunga ari co caturitse.
Agace ico kirunga kirimwo ni ko karangwamwo inkoto zo mu misozi zisigaye ari nkeya ku isi.
Igisagara ca Goma co mu burasirazuba bwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, ubu wahezemwo abantu inyuma y’aho abagera ku 400,000 bari bawubamwo bahunze kubera imburi ya leta ko ikirunga ca Nyiragongo gishobora kwongera guturika.
Abantu benshi bahungiye ahitwa Sake mu birometero 25 uvuye mu muji wa goma uja mu burengerazuba, abandi bahungira mu Rwanda.
Mw iyinga riheze ikirunga ca Nyiragongo caraturitse kibomora ingo z’abantu bagera ku 20,000 kinahitana abarenga 30. Kuva ico gihe habandanya kwumvikana imishitsi yatewe n’ico kirunga.
Abahinga mu vyerekeye ubumenyi bw’ibirunga baravuga ko gishobora gutera imyotsi yonona ikirere igashira ubuzima bwa benshi mu kaga.
Abenegihugu b ico gisagara ca Goma n abo mu micungararo yaho amaganya arabarembeje nubu ntibarabona iyo bava niyo baja ubwoba bwababanye benshi.