NEWS

Ikigo USAID c’abanyamerika cahagaritse gufashanya n’Uburundi

By

on

Ivyo biri mw’ikete ico kigo co gufashanya c’abanyamerika candikiye umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vy’Afrika y’ubuseruko. Ico kigo kikavuga ko gihagaritse uko gufashanya n’Uburundi n’abakozi babarundi bakora muri EAC kubera Uburundi butagwanya bimwe biboneka idandazwa ry’abantu.

Iryo kete kandi rivuga ko n’uburyo bwahora buhabwa abakozi bahora baja m’Uburundi kugira imibonano canke amanama na Leta y’Uburundi bwahagaritswe. Ivyo bihano kandi birafata abakozi bakuru bakuru b’abarundi bahora baja mu manama muri EAC, amanama abera m’Uburundi canke mu bindi bihugu.

Mwomenya ko abageme benshi bajanwa mu bihugu vy’abarabu bakavuga ko bagiye kurondera akazi ariko harimwo abafatwa nabi ntibahembwe canke bagakubitwa. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politique akaba yarasavye Leta y’Uburundi guhagarika abatwara abo bigeme canke bagiranire amasezerano nivyo bihugu vy’abarabu kugira abobigeme bafatwe neza mu kazi baba bagiyemwo.

Recommended for you