Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsIkigo OBR gisabwa n-umukuru w-igihugu gukoresha vuba bwango ubuhinga bwa...

Ikigo OBR gisabwa n-umukuru w-igihugu gukoresha vuba bwango ubuhinga bwa none maze ibikorwa bize binyaruka.

Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yahaye ikiringo kitarenga amezi atatu ikigo OBR kijejwe gutororokanya amakori n-amatagisi kugira gitangure gukoresha ubuhinga bwa none hama ibikorwa vyaco bishobore kuza binyaruka.  Perezida Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Kigarama 2021 mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe umutangakori , vyabereye ku kibuga c-umupira w-amaguru citiriwe INTWARI.May be an image of 3 people and indoor

Umukuru w-igihugu c-uburundi yamenyesheje kandi ko ubushikiranganji butandukanye na bwone bukwiye gukoresha ubuhinga bwa none mu bikorwa vyabwo. Ikindi Perezida Ndayishimiye yamenyesheje n-uko agiye gushiraho umurwi ugiye kuraba vy-ukuri nyimba uburusho buhabwa abarwizatunga canke amashirahamwe afise imitahe minini , mu bikorwa arangura , bwoba butuma harico igihugu cinjiza.

Inyuma yaho, Umukuru w-igihugu c-uburundi yarongeye agaruka ku batsindira amasoko ya Leta  ko nabonyene bagiye kuraba yuko vyukuri nimba uburusho bahabwa babukoresha mw-iterambere ry-igihugu.«Nitwasanga ayo mashirahamwe ataco yinjiza kiboneka kiboneka mu kigega c-igihugu, ntakibuza ubwo burusho buzofutwa» Niko Varisito Ndayishimiye yavuze.

Must Read