Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yahaye ikiringo kitarenga amezi atatu ikigo OBR kijejwe gutororokanya amakori n-amatagisi kugira gitangure gukoresha ubuhinga bwa none hama ibikorwa vyaco bishobore kuza binyaruka. Perezida Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Kigarama 2021 mu birori vyo guhimbaza umusi wahariwe umutangakori , vyabereye ku kibuga c-umupira w-amaguru citiriwe INTWARI.
Umukuru w-igihugu c-uburundi yamenyesheje kandi ko ubushikiranganji butandukanye na bwone bukwiye gukoresha ubuhinga bwa none mu bikorwa vyabwo. Ikindi Perezida Ndayishimiye yamenyesheje n-uko agiye gushiraho umurwi ugiye kuraba vy-ukuri nyimba uburusho buhabwa abarwizatunga canke amashirahamwe afise imitahe minini , mu bikorwa arangura , bwoba butuma harico igihugu cinjiza.
Inyuma yaho, Umukuru w-igihugu c-uburundi yarongeye agaruka ku batsindira amasoko ya Leta ko nabonyene bagiye kuraba yuko vyukuri nimba uburusho bahabwa babukoresha mw-iterambere ry-igihugu.«Nitwasanga ayo mashirahamwe ataco yinjiza kiboneka kiboneka mu kigega c-igihugu, ntakibuza ubwo burusho buzofutwa» Niko Varisito Ndayishimiye yavuze.