NEWS

Ikigo CNC kivuga ko kitaramenyeshwa igituma abamenyeshamakuru bane bafunzwe

By

on

Ivyo Nestor Bankumukunzi, arongoye ikigo CNC, yabivuze kur’uyu wagatatu mu gihe yariko atanga icegeranyo c’ingene amaradiyo akora m’Uburundi mu mezi atatu aheze. Nestor Bankumukunzi akavuga ko ubutungane bumaze gufata dosiye yabo bamenyeshamakuru ataco ifise ibivugako.

Ariko Nestor Bankumukunzi akavuga ko nimba abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru iwacu bafashwe bahorwa umwuga wabo ko amategeko yokurikizwa. Akavuga ko ariko nimba bafashwe kumakosa yabo atajanye n’umwuga, Nestor Bankumukunzi akavuga ko ivyo bitaraba ikigo CNC kijejwe kugenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora m’Uburundi.

Uwo arongoye ikigo CNC akavuga ko bataramenyeshwa neza amakosa abo bamenyeshamakuru bakoze. Umushikirazamanza mukuru wa Républika, Sylvestre Nyandwi nawe akaba yarasohoye itangazo avugako hari ivyemeza ko abo bamenyeshamakuru bari bazi ico gitero imbere yuko kiba.

Abo bamenyeshamakuru bane bo mukinyamakuru Iwacu bakaba bafatiwe mu ntara ya Bubanza itariki 22 z’ukwicumi 2019 aho bari bagiye kurondera amakuru ku gitero c’abarobeli muri komine Musigati. Sentare nkuru y’i Bubanza ikaba yaranse ko baburana bidegemvya nkuko ababuranira bari babisavye. Amashirahamwe menshi aharanira agateka k’abamenyeshamakuru bakaba baguma basaba ko abo bamenyeshamakuru bane borekurwa kuko bari kukazi kabo ko kurondera inkuru.

Recommended for you