Ikigo BBN kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibidandazwa kimenyesha ko bamwe mu bihangange mu gihugu c’uburundi ntiborohereza gukora akazi ico kigo kijejwe. Bishikirizwa na Séverin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ico kigo.
Sindayikengera akavuga ko kubona hari amashirahamwe ahingura ibintu ariko ugasanga akingiwe na bamwe mu bihangange biri mu nzego z’igihugu mu kwanka ko ivyo ahingura bisuzumwa, bituma ikigo arongoye kitoroherwa mu gusuzuma ubuziranenge bw’ibihingurwa n’ayo mashirahamwe (Radio RSF BONESHA FM).
Uwo arongoye BBN agahamagarira uwariwe wese gutahura akamaro ko gusuzuma ubuziranenge bw’ibidandazwa canke ibihinguwe kuko iyo bidasuzumwe hari ivyo usanga vyokwonona amagara y’abavyihereza.