NEWS

Ikigega FONIC ntaburyo kigifise

By

on

Ico kigega cari cahawe ububasha bwo gutunganya iterambere ry’amakomine aho ikomine yose yahabwa imiriyoni 500 z’amahera y’amarundi ku mwaka kugira ayo makomine atunganye imigambi yashize imbere. Ariko imyidogo ni myinshi ku mpande zose yaba ku makomine n’abashingamateka ko ayo mahera ataboneka, abandi nabo bakagiriza abakozi b’ikigega FONIC  naba mustanteri n’abastindiye amasoko y’inyubako kurya ibiturire.

Mur’urugendo umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, yagize kur’uyu wa gatatu mu nyubakwa za FONIC yasanze koko ico kigega ataburyo kikironswa. Edouard Nduwimana akavuga ko ico kigega ubu gihabwa amahera make yo gukora ibikorwa bisanzwe.

Imigembi yose yo mu makomine aca m’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati no m’ubushikiranganji bw’ikigega ca Leta. Umuhuza w’Abarundi akavuga ko yashikirijwe imyidogo y’abakozi ba FONIC n’abayitura akavuga kwagiye gushikiriza ikibazo ababijejwe.

Mwomenya kw’inyubakwa nyinshi z’amakomine zishaje cane cane zo mu gisagara ca Bujumbura, amafaranga yose atozwa akaba aja mu kigega ca mairie ya Bujumbura.  Mu gihe ayo mahera yoboneka mbere akongerezwa agakoreshwa neza iterambere ryoboneka, bivugwa n’abashingameteka n’abenegihugu bari bizeye vyinshi kur’ico kigega.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply