Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 gitugutu 2021, Urwego nshinga ntwaro rw-ikigega c-isi yose FMI rwafashe ingingo yo gusohora imiriyoni 76 n-ibihumbi amajana abiri vy–amadorari y-abanyamerika yo guha uburundi , ni ukuvuga amafaranga arenga imiriyaridi 153 z-amarundi.
Kubw-ikigega c-isi FMI, iyo ngurane izofasha uburundi mu kurwanya Covid-19 . Ayo mafaranga azofasha kandi kugabanya ingaruka z-ako karanda. Muvy-ubutunzi, azofasha n-abanyagihugu babangamiwe kurusha abandi hamwe n-ingaruka mbi zatewe n-ako karanda.
Ikigega c-isi gifata ko akaranda ka Covid-19 n-iyugarwa ry-imbibe vyaturutse kuri ako karanda nyene vyatumye ubutunzi bw-uburundi busubira inyuma kandi ngo bishobora gutuma n-intambwe yari yagezweko bigoranye izimangana mu bijanye no kubaho imisi yose kw-abanyagihugu. Ico kigega c-isi FMI kikasigura ko catanze iyo ngurane kubera ko Leta y-uburundi yiyemeje kubandanya politike y-ubutunzi ijanye no guhangana n-ingaruka z-akaranda ka Covid-19. Leta y-uburundi ngo yari yemeje gutanga ivyegeranyo bitomoye bijanye n-amahera akoreshwa mu kurwanya ico kiza ca Covid-19.
Ikigo FMI kisigura ko iyo ngurane irenga n-imiriyari 153 ku burundi izofasha gukaburira abandi bagiraneza kugira bafashe uburundi .