Mw-ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu mu sa tanu z-ijoro niho humvikana ibisasu bikomakomeye biremereye biturika ku kibuga c-indege ca Bujumbura citiriwe incungu ya Demokarasi Melchior Ndadaye, mu nyuma haca hakwirikira urudavagi rwinshi rw-amasase. Abanyagihugu begereye ico kibuga c-indege ndetse n-ababa mu gisagara ca Bujumbura baraye mu bwoba budasanzwe.
Ubicishije k-urubuga rwa Twitter, Umuhari RED-TABARA, wiyemeje gukoresha umuheto mu kurwanya Leta y-uburundi niwo wemanze ko ariwo wakoze ico gitero.
ˮMu ma sa tanu z-ijoro zo kuri uyu wa 18 Nyakanga 2021, Twateye ibisasu vyinshi vyo mu bwoko bwa Obus ku kibuga c-indege mpuzamakungu c-I Bujumbura. Twongeye turatana mu mitwe n-abasirikare bacungereye ico kibuga, bikaba vyamaze hafi isaha yose‟ Niko iryo tangazo ry-uwo muhari rivuga.
Bamwe mu basirikare bakorera ku kibuga c-indege citiriwe Melchior Ndadaye bemeza ko hatewe ibisasu bitanu vyo m-ubwoko bwa ˮmortiers‟ ariko kimwe murivyo kikaba kitaturitse. Ivyo bikaba bibaye mu gihe umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye bitegekanijwe ko aza gufata urugendo ku kagoroba ko kuri uyu w-Imana rumushikana i New-York ku cicaro gikuru c-ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu nama ya bose y-iryo shirahamwe.