NEWS

Ikibazo giheza amashure yisumbuye kizokorwa kur’uyu wa kabiri

By

on

Imiduga itwara ico kibazo myinshi ikaba yamaze gushikana ico kibazo mu bibanza kizokorerwamwo aho abanyeshure bashika ibihumbi 90 barindiriye gukora ico kibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira muri kaminuza ya Leta na kaminuza z’abigenga.

Abanyeshure bo mu buraro bakaba bamaze gushika mu ndaro aho bazokorera ico kibazo. Ubushikiranganji bw’indero bukaba bwasavye abanyeshure kuza biteguye nukuvuga bamwesheje umushatsi bambaye impuzu z’ishure zibakwiye kandi atavyokwisiga mu maso birengeje.

Ubushikiranganji bw’indero bukaba bwagabishije abazokwiba ico kibazo, abarabira kubandi canke bakorere abandi nkuko vyibonekeje mu mwaka uheze aho umuyobozi yaje gukorera umuneyshure wo kw’ishure ryiwe. Ico kibazo kikazotangura igihe c’isaha imwe ni nusu zo mu gitondo.

Recommended for you