NEWS

Ikibazo C’Uburundi N’Urwanda Mu Nama Y’Inama Nshingamateka Ya EAC.

on

Inama nshingamateka y’ ibihugu vya Afrika y’ubuseruko yakoranye guhera uyu musi mu gihugu c’Ubuganda, ariko rero ikibazo c’uburundi n’urwanda biragaragara ko kigiye kwiganzira iyo nama. Inyuma y’aho ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya vyiyamirije itorwa ry’Umunyarwanda , Martin Ngoga, mu kibanza co kuba umuvugizi w’inama Nshingamateka ya EAC( EALA), ubu biboneka ko Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko utunze Ubumwe.

Nk’uko vyari bisanzwe, Uburunfdi n’Urwanda nivyo bihugu vyari biramukiwe kurungika umuvugizi w’Inama Nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, EALA( East Africa Legislative Assembly), ariko rero itorwa rya Martin Ngoga, umu nya Rwanda, ryarongereje ukudaca uwaka kwari gusanzwe kuhari hagati y’Uburundi n’Urwanda kuva mu mwaka wa 2015.

Umukuru w’igihugu c’uburundi yaramenyesheje ko itorwa rya Martin Ngoga ritakurikije amategeko kandi ko bibaye ngombwa Uburundi buzokwitwara ku babijejwe. Ico kibazo rero kihari nico vyibazwa ko kizokwiganzira inama ya EAC iriko ibera I kampala mu Buganda.

Ariko rero naho biri ukwo kurabana ayingwe hagati y’Uburundi n’Urwanda, ntibibuza ko Umuyango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ubandanya ibikowa nk’uko vyamye. Vyinshi bizomenyekana iyo Nama irangiye maze hagire igishitsweko.

Recommended for you