NEWS

Ikibazo C’Uburundi Kiriko Kiracamwo Ibice Abanyaburaya n’Abanyafrika.

on

Mu gihe hitezwe ko uyu musi itariki 28 Nyakanga hemezwa canke guhakanwa I Geneve icegeranyo casohowe n’abahinga ba ONU ku mabi yakozwe mu Burundi, ejo ku musi wa gatatu umurwi w’ibihugu bimwe bimwe vya Afrika bishaka kurokora Uburundi imbere ya Sentare Mpuzamakungu CPI, warasohoye ikindi cegeranyo hasigaye amasaha 24 imbere yuko icegeranyo ca ONU cemezwa.Ico cegeranyo c’Umugwi w’ibihugu vya Afrika kiza gishimagiza Uburundi, maze bica biba ivyegeranyo bibiri bisa n’ibiza bivuguruzanya.

Ishirahamwe rya ONU rijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu( Human Rights Council) hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yari yiteze ko ico cegeranyo kizotorwa ata ntambamyi, ariko rero umurwi w’ibihugu binaka vya Afrika, urongowe na Tunisia, waciye usohora ikindi cegeranyo werakana ko Uburundi bushaka gukorana na ONU mu biganiro.

John Fisher, akora ku cicaro gikuru c’ibiro vya ONU bijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu i Geneve, avuga ati: ” >Birateye agahinda kubona ico kindi cegeranyo kiza gikshaka gukingira Uburundi amabi yakozwe“.

Ivyo navyo bikaba bitaguye neza abaserukira Ubumwe bwa Buraya, Leta Zunze Ubumwe Za Amerika, Norvege, Swisse, Canada hamwe n’Ubwongereza, mbere bakaba batashimye kugira ico bavuze kuri ico kindi cegeranyo c’ibihugu vya Afrika, maze bakaba baragaragaje ko babajwe nuko ico cegeranyo kije gisa nicacerewe.

Ibihugu bimwe bimwe vya afrika birakunze kuvugira ibindi bihugu vya Afrika kugira bisimbe kwitaba Sentare Mpuzamakungu CPI. Ariko rero, abahinga baremeza ko ivyo bihugu usanga vyirengangiza uko agateka ka zina muntu gafatwa nabi mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika. None icegeranyo c’Abahinga ba ONU ku Burundi coba kiza kwemezwa canke gihakanwe?Nivyo kurindira…

Recommended for you