NEWS

Ikibazo co guterera amatora yo mu mwaka wa 2020 kibandanya gutera impari

By

on

Mu gihe haciye imisi hasohowe urutonde rwerekana uko abakozi ba Reta bazoterera amatora yo mu mwaka wa 2020,ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu inyigisho zo gukunda igihugu bwagiraniye ikiganiro n’amasendika atandukanye y’abakozi ba Reta kuvyerekeye uko amafaranga azokurwa ku mishahara.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukunda igihugu,Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko, uko batunganije igikorwa co guterera amatora yo mu mwaka wa 2020 ata kibazo kizotera kandi babitunganijwe bisunze uko umushahara wa buri mukozi ungana.

Tharcisse GAHUNGU aserukira ihuriro ry’amasendika COSIBU yashikirije murico kiganiro, amakenga yo kudatahura uko umushahara w’umuntu ushobora gukorwako n’uwundi muntu kandi ata bubasha canke uburenganzira abifitiye.
Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yamwishuye ko ivyakozwe ari ivyasabwe n’abanyagihugu arico gituma vyatunganijwe mu mirwi yerekana neza uko abantu boterera.

Amategeko asanzwe atomora neza ko ata muntu afise ububasha bwo gukora ku mushahara w’umuntu atari nyene wo,ivyo vyatumye benshi mu bakozi bavyidogera.
Kubijanye n’umuntu ata amafaranga afise kuri konte yiwe,uyo mushikiranganji yavuze ko uwutagira ikintu na kimwe kw’I konte yiwe ataco bazomwaka.

Naho bivugwako abanyagihugu aribo bisabiye ubwabo guterera amatora,vyari vyiza ko buri muntu atanga abishatse kandi ariwe ayitangiye ubwite atarinze kuyakatwa kuri konte yiwe.

Bitegekanijwe ko ivyo biganiro bihuza amasendika atandukanye hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bizobandanya.

Recommended for you