Thursday, December 1, 2022
HomeNewsIkibazo c'amahera y'abasirikare bari muri Somaliya na Centrafrika yinjira mu kigega ca...

Ikibazo c’amahera y’abasirikare bari muri Somaliya na Centrafrika yinjira mu kigega ca Leta ni ibanga –Domitien Ndihokubwayo.

Ikibazo c’amafaranga yinjira mu kigega ca Leta azananye mu basirikare bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu bihugu vya Somaliya na Centrafrika  cagizwe ibanga rya Leta . Vyasiguwe kuri uyu wa mbere n’umushikiranganji w’ikigega ca Leta , Domitien Ndihokubwayo yabwiye abashingamateka ko inyishu y’ico kibazo atoyitangira mu nama nshingamateka akavuga ko uwo kwipfuza kumenya ukwo ayo mafaranga atunganijwe yotumbera mu bushikiranganji bubijejwe. Ni inyishu itahimbawe na bamwe mu bashingamateka bari mu ngoro y’amakoraniro iri mu Kigobe.Image

Ico kibazo cabajijwe n’umushingamateka Pascal Kijeke  mu gihe inama nshingamateka yariko isuzuma ikoreshwa ry’amafaranga Leta yakoresheje  mu mwaka wa 2020 ushira uwa 2021. Umushingamateka Kijeke yipfuje kumenya uko amafaranga azanana mu ngabo z’igihugu zagiye kugarukana amahoro mu bihugu vya Somaliya na Centrafrika akoreshwa, agasaba ko umushikiranganji ajejwe ikigega ca Leta yotanga umuco. Kijeke ati :”… harategekanijwe imiriyaridi zitatu zashobora kwinjira ariko ugiye muri execution na réalisation ntariko kandi tuzi yuko muri izo nteko hariko amafaranga zinjiriza igihugu kandi hariho ibirwanisho vy’igihugu bikoreshwa n’izo nteko , ivyo birwanisho navyo bigakoteshwa, na honyene ntitubona amafaranga yoba yarinjiye mu kigega c’igihugu”

Kw’ico kibazo, Umushikiranganji w’ikigega ca Leta, Domitien Ndihokubwayo yishuye abashingamateka bari ngaho ko ari ibanga atocishurira mu nama nshingamateka ikoranye. Yasavye  ko umushingamateka wese yoshaka kuronka ayo makuru ku gatwe kiwe yotombera mu biro vy’ubushikiranganji bubijejwe.

Tubamenyeshe ko mu gitabo gitegekanya uko amafaranga yinjiye mu gihugu ata nahamwe hagaragara ukwo ayo mafaranga y’izo ngabo  yakoreshejwe. Mw’ibwirizwa ritunganya uko ayo mafaranga azokoreshwa muri uno mwaka ugiye gukwirikira, yahavuye yemezwa n’iyo nama nshingamateka ku bice birenga 75%.

 

Must Read