NEWS

‘Iki si Igihe Nyaco Co Guhindura Ibwirizwa-Shingiro’.

on

Abasenyeri 10 bo mw’ishengero katolika mu Burundi basohoye itangazo rivuga iryo bagona ku bijanye n’ibiriko bikorwa mu mugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro mu Burundi rishobora gutuma Petero Nkurunziza atwara Uburundi gushika mu mwaka wa 2034.

Abo basenyeri ba katolika bashize ahabona ejp ku 02 Rusama 2018 ko badashigikiye na gato umugambi wo guhinyanyura Ibwirizwa shingiro mwa kino gihe. “Iki si igihe ciza co guhindura ibwirizwa shingiro”, niko iryo tangazo ryasinywe n’abaseneyri 10 rivuga.

Abo basenyeri cumi bo m’idini katolika bakaba bagiriza leta y’Uburundi hamwe n’inzego z’umutekano gukwiragiza ubwoba mu banyagihugu. “Abanyagihugu benshi, naho batabivugira ku mugaragaro, babayeho mu bwoba, gushika naho abanyagihugu batubahuka kuvuga uko biyumvira, kubera gutinya inkurikizi mbi“, niko abo basenyeri bamenyesheje.

Abo basenyeri bakaba basaba Abarundi kuzigama amahoro n’Ubumwe, hama ayo matora y’ibwirizwa shingiro abe mu mahoro ata gahato na gato; Abarundi batore mu mwidegemvyo “Ego” canke “Oya”

Recommended for you