NEWS

Ijambo rya Petero Nkurunziza yamenyesheje ku musi wo gutanguza Ibwiriza shingiro rishasha.

on

Mu birori vyo gutangaza ku mugaragaro ko habaye ibwirizwa shingiro rishasha mu Burundi vyabereye muri Komine Bugendana mu ntara ya Gitega, umukuru w’igihugu yaramenyesheje ibitari bike. Icatangaje benshi n’ubu bataremera neza ni ukuba Petero Nkurunziza yamenyesheje ko atazikwitoza mu matora ya 2020 kandi vyari bigize imisi bivugwa ko iri bwirizwa shingiro rishasha rimuha ubundi burenganzira bwo gutwara Uburundi imyaka yindi 14 kuva mu 2020 gushika mu mwaka wa 2034.

Raba bimwe bimwe yashikirije vyashizwe ahabona n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa Ndenzako:

1. Nkako, iri Bwirizwa Shingiro ni Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi.Rizotunganiriza Abarundi bose, abaritoye n’abataritoye, tutibagiye n’abanyamahanga. Ntihagire rero uwibaza ico uwundi yatoye canke ngo hagire uwukekeza uwundi afatiye ku co yatoye kuko iri Bwirizwa Shingiro rigiye kuba Umuhuza ahuza abatoye Ego n’abatoye Oya, abatashimye kwerekana aho bahagaze, abajuragiritse amajwi yabo akaba impfagusa, tutibagiye abatitavye amatora. Iri Bwirizwa Shingiro kandi rizoha uburenganzira bungana Abarundi bose ata kuvangura.

2. Abarundi bararonse Ibwirizwa Shingiro rishasha rihuye n’ivyipfuzo vyabo, inyuma yo guhinyanyura ingingo zimwe zimwe zari mw’Ibwirizwa Shingiro ryahahora ryo mu mwaka w’2005 zari zarataye igihe, izindi zigatosorwa mbere hakongerwamwo n’izindi zijanye n’igihe tugezemwo bivanye n’akarere turimwo.

3. Ikindi gihambaye twashaka kumenyesha, ni uko iri Bwirizwa Shingiro ritaje guhindura inzego canke guhungabanya amategeko.Inzego mwitoreye mu mwaka w’2015 nizo zizobandanya kubarongora gushika mwitoreye izizisubirira mu matora y’2020, kandi amategeko adateye kubiri n’iri Bwirizwa Shingiro azobandanya akurikizwa.

Ntihagire rero ababahuvya ngo ni Ibwirizwa Shingiro ryihutira gushiraho Umushikiranganji wa mbere n’ibindi bihuha vyinshi, ivyihutirwa cane cane ni ugutsimbataza Intahe yo Kwikukira, Iteka n’Itekane vy’Umwenegihugu hamwe no kuja ku murongo w’Ibihugu dusangiye Umuryango wa Afirika y’Ubuseruko. Ingingo y’288 hamwe n’ingingo y’290 zirabitomora neza.

4. Abarundi aho tugeze ntitukiri abo gutamikwa ijambo ngo dupfe guca turimira, kandi Uburundi si agati kari mu ruzi kirebanga. Haba namba, dukikijwe n’ibindi bihugu kandi ibibera kw’isi yose turabikurikirana, tukavyumva, tukabibona. Reka rero dutunganye ivy’Igihugu cacu mu bwigenge bw’igihugu kuko dusa n’abandi kandi natwe ntitwisuka mu biraba ibihugu vyabo.

5. Uburundi ni agati kateretswe n’Imana kadahenurwa n’umuyaga. Ibihuhusi ntivyabuze kubaho, ariko dufashijwe n’Imana Mushoboravyose, Abarundi twajabutse amahoro. Iri ni Iteka ritazokwibagirwa, rikomeye twiteye. Ni Iteka kandi duteye Abarundi bariho uno musi, abazovuka, mbere na ba sokuruza bacu barwaniye Uburundi bakabubungabunga, bakubahiriza Iteka n’Itekane ryabwo kuva Uburundi bwiswe Uburundi.

6. Hari ibintu vy’imbonekarimwe icenda bitigeze biba mu matora yose amaze kuba mu Burundi, vyaranze aya matora duheruka kuva mu nteguro, mu myiyamamazo, mu matora nyezina n’inyuma yayo:

Ubwa mbere: Amatora yaranzwe n’umutekano n’umwidegemvyo ntangere.

Ubwa kabiri: Aho guhunga nk’uko twari tubimenyereye mu gihe c’amatora, Abarundi bari barahunze igihugu barahungutse ku bwinshi, n’ubu bakiriko.

Ubwa gatatu: Ibiringo vyose vy’amatora vyaritabiriwe ku rugero rutari bwaboneke, mbere n’abageze mu za bukuru baritavye ivyo biringo ku bwinshi.

Ubwa kane: Abarundi baragaragaje ishaka n’ukwitanga bidasanzwe vyatumye amatora atunganywa n’uburyo buvuye mu Barundi gusa.

Ubwa gatanu: Hari isano rigaragara hagati y’Abarundi baba hanze n’ababa mu Burundi ufatiye ku rugero rw’abiyandikishije no ku bitigiri vyavuye mu matora. Ivyo bigaragaza ko Abarundi baba hanze n’abari mu gihugu bagona rimwe ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu cabo.

Ubwa gatandatu: Imirwi itandukanye y’Abarundi yaraterereye ivyiyumviro ku vyohinduka mw’Ibwirizwa Shingiro. Reta ntiyategetse nk’uko vyahora kera, ahubwo yateze ugutwi Abenegihugu.

Ubw’indwi: Mu gihugu cose Abenegihugu benshi bashitse aho amatora abera imbere y’igihe kandi henshi amatora yarangiye imbere y’igihe cari gitegekanijwe.

Ubw’umunani: Yabaye amatora yasengewe bidasanzwe mu nteguro, mu matora nyezina n’inyuma yayo. Tuboneyeho akaryo ko gushimira Igisagara ca Bujumbura ku masengesho nk’ayo catunganije mu kibanza citiriwe ukwikukira ijoro ryose.
Igikorwa nk’ico ntawugikora atamurikiwe n’Imana. Turashimiye kandi Abakozi b’Imana mu madini n’Amashegero atandukanye batahengeshanije gusengera aya matora. Nibabandanye basengera n’ayo twimirije mu mwaka w’2020.

Ubw’icenda:Kuva mu nteguro gushika mu matora nyezina uciye mu myiyamazo, bwabaye ubwa mbere ibiringo vyose birangira ata sanganya ribaye.

7. Tuboneyeho akaryo ko gutera akamo abanyepolitike bari hanze ngo baze mu gihugu cabo bitegurire amatora yo mu mwaka w’2020. Murazi ko n’abandi baje kandi turabashimira kuko bariko barafasha mw’iterambere ry’Igihugu. N’abandi rero turabahaye ikaze. Tuboneyeho akaryo ko gusaba Ibihugu bihaye indaro inkozi z’ikibi zikurikiranwa n’Ubutungane bw’Uburundi, na cane cane abatembagaje ubutegetsi mu mwaka w’2015 kuzishikiriza ubutungane bw’Uburundi.
Turabavuniye urugohe, bahitemwo igisumba ikindi hagati y’Inyungu zikomoka ku migenderanire myiza hagati y’ibihugu no gukindikiza inkozi z’ikibi.

8. Uburundi ni Igihugu kirimwo amahoro n’umutekano. Imbibe z’Igihugu ziruguruye kuri uwo wese yipfuza kugaruka mu gihugu ciwe.

9. Turateye akamo abari mu makambi y’impunzi ngo bikubite agashi baze mu gihugu cabo kandi ibihugu vyabakiriye vyorohereze uwo wese yipfuza kugaruka mu gihugu ciwe. Abahunze si inyagano ngo baboherwe mu makambi, uburenganzira bwo gusubira mu bihugu vyabo barabugumana na burya mu Burundi turi mu mahoro.

Kanatsinda turi, kandi twamye turi abanyamahoro, akabi n’akabibi vyamye bizanana hanze y’Igihugu, bigaca bisasirwa indava na ba mpemuke ndamuke na ba sesankuyoze.

Ivyabo vyarazigamwe kandi birarindwa. Twipfuza ko amatora yo mu 2020 yoba impunzi zose z’Abarundi zibishaka zagarutse mu gihugu c’amavukiro nk’uko abandi bariko barabikora. Turabahaye ikaze, kaze murisanze muri benewanyu babakunda; na kare barayamaze ngo «Ntawukunda umwana gusumba nyina aba ashaka kumumuhekura».

10. Twibukije Abarundi n’Amakungu, mw’Ijambo twashikirije mu kurahira uwo musi nyene twavuze tuti:« Intsinzi twaronse muri aya matora ikaba rero ari iy’Abarundi bose, baba abadutoye canke abatadutoye, mbere n’abanyamahanga baba mu Burundi canke bazoza mu Burundi.Twiyemeje kwubahiriza ingingo za Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro ku bijanye na kino kiringo canyuma mwaraye mutwongeye cemejwe na Sentare ya Afirika y’Ubuseruko. Bisigura ko Imana yuguruye atawugara, ntawigerezako. » Ni nkuko Imana yugaye atawugurura.

11. Ba sokuru barayamaze bati:«Umugabo yihindukiza mu kirago ariko ntiyihindukiza mw’Ijambo». Mu karangamutima k’Umugambwe CNDD-FDD watureze ukaturamura, Ubugabo, Ukudahemuka n’Akarangamutima ku Bagumyamubanga, ndetse no ku Barundi biyubashe, ka Mboneza mu Mugambwe CNDD-FDD, nagomba menyeshe rero Abarundi n’Amakungu ko tutivuguruza. Ikiringo cacu kizorangira mu mwaka w’2020.

12. Muri iyo ntumbero dusavye Abarundi, abanyamahanga n’Amakungu ko mutosubira gusamazwa no kugwa mu mitego y’abatanga insiguro zitari zo ku bijanye n’ibiringo vy’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ahari uno musi, ndetse no kuri rino Bwirizwa Shingiro duteyeko igikumu uno musi. Uwipfuza kwigira kure ibinyoma n’ibihuha yoryisomera.

13. Mubimenye neza kuva uno musi, abihana bihane, iri Bwirizwa Shingiro ntiryahinyanyuriwe Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza nkuko abansi b’Uburundi bari bamaze igihe babidumisha. Iri Bwirizwa Shingiro ryahinyanyuriwe Ineza, Iteka n’Itekane na Kazoza keza k’Uburundi na Beneburundi.

14. Ku binyerekeye, niyemeje kandi niteguriye neza n’umutima wanje wose, n’ubwenge bwanje bwose, n’inkomezi zanje zose kuzoshigikira Umukuru w’Igihugu mushasha tuzokwitorera mu mwaka w’2020. Ni navyo kandi niyemeje kubandanya kandi nzobandanya kugendera mu gukorera Igihugu cacu no kugiteramira gushika kw’iherezo ryanje ngaha kw’isi.

15. Iyi ngingo ni Integuro nziza y’Imana Mushoboravyose ku gihugu cacu, no kuri jewe nyene ubwanje. Icubahiro kibe ic’Imana Mushoboravyose ubu n’ibihe vyose. Imana Mushoboravyose niyo cabona.

Ni harambe Ibwirizwa Shingiro rishasha;
Ni harambe Abarundi n’Uburundi;
Imana Mushoboravyose ihezagire Uburundi; n’Abarundi!

Recommended for you