Sunday, March 26, 2023
HomeNewsIhinguriro SOSUMO ntiritahura igituma isukari idashikira abo yagenewe ukwo vyategerezwa.

Ihinguriro SOSUMO ntiritahura igituma isukari idashikira abo yagenewe ukwo vyategerezwa.

Ihinguriro ry-isukari SOSUMO rivuga ko ridatahura igituma isukari idashikira neza abo yagenewe. Uwujejwe gutanga amakuru mw-iryo hinguriro ashikiriza ko uruhara rwa SOSUMO rugarukira ku kuyitanga hamwe no gukura ku ntonde ababa bafashwe mu makosa.تويتر \ AKEZA Burundi على تويتر: "Jean Pierre NZOBANDORA,ajejwe gutanga  amakuru muri iryo hinguriro avuga ko ata kintu cahindutse ku yo basanzwe  batanga.Agasaba abajejwe intwaro gufasha mu gukurikirana uko isukari  itangwa mu

Ariko yishura mugenzi wacu wa radiyo n-imboneshakure ISANGANIRO, Jean-Pierre Nzobandora asigura ko iryo hinguriro ritoshobora gukurikira uwo rihaye isukari ko yayishikanye muri karitiye . Kubw-ivyo, asaba ko hokongerezwa inguvu mu gukorana n-abajejwe intwaro hamwe n-iperereza mu gutuza abikika mu kiza.

Uwo avugira SOSUMO abivuze inyuma yaho abanyagihugu bo mu buraruko bw-igisagara ca Bujumbura bidogeye ko isukari iboneka nabi nabi ko haheze hafi amezi atatu.

Must Read