MUSIC

Ihiganwa Primusic ryasubiriye gutunganywa n’ishirahamwe Brarudi

By

on

Hari haheze imyaka ine ishirahamwe Brarudi ridatunganya ihiganwa bitiriye Primusic. Dorine Gateka, ajejwe ikinyobwa Primus muri iryo shirahamwe Brarudi, amenyesha ko Brarudi yariko iritunganya neza kugira itunganye iryo higanwa kuko ritwara uburyo bwinshi. Dorine Gateka akamenyesha ko iryo higanwa ryatanguye gutunganywa mu mwaka w’i 2012 rirabandanya mu mwaka wa 2013 na 2014.

Uwo ajejwe ikinyobwa primus mw’isharahamwe Brarudi mu kiganiro yatunganije n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane ahamagarira umuntu wese afise impano yo kuririmba ari umurundi canke umunyamahanga kuza kwiyandikisha kuva kur’uyu wa kane.

Iyandikwa rikabera ku mbuga ngurukana bumenyi za Brarudi nukuvuga k’urubuga ngurukanabumenyi rwa Brarudi, kuri facebook ya primus no kuri terephone ngendanwa kurubuga rwitwa Primus Burundi abashaka kwiyandikisha bazokura k’urubuga Play store.

Dorine Gateka akamenyesha ko kuva ku mus iwa kane wo mu ndwi iza bazotangura kuja mu ntara zose z’Uburundi. Hakazokumvirizwa abaririmvyi bo murizo ntara mu gitondo kumugoroba bagakora ibiteramo.

Hazoca hatorwa babiri ku ntara imwimwe ariko intara ya Bujumbura mairie na Bujumbura rural hakazotorwa abaririmvyi munani. Bose hamwe bakazoba ari abaririmvyi 46, ariko mu gice cakabiri gishira icanyuma hakazotorwa 12, mu gice ca nyuma naho hatorwe 6 aribo bazoronka agashimwe.

Umuririmvyi wambere akazoronka imiriyoni 25 z’amahera y’amarundi, uwakabiri aronke imiriyoni zitanu, uwagatatu imiriyoni zitatu, uwakane aronke imiriyoni zibiri, uwagatanu umuriyoni umwe ni nusu, uwa gatandatu umuriyoni umwe.

Recommended for you