NEWS

Ihayanishwa ry’amahinguriro ryuguruwe kur’uyu wa kane i Bujumbura

By

on

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, niwe yuguruye iryo hayanishwa ry’ibikorwa vy’amahinguriro akorera m’Ubuundi no mu karere k’ubuseruko ka Afrika. Mwijambo ryiwe akaba yashimiye abatunganije ico gikorwa kizomara imisi itatu.

President Petero Nkurunziza akaba yamenyesheje mw’ijambo ryiwe ko Leta y’Uburundi yashizeho igitabo cerekana ingene iterambere rizoshikwako ariyo bita Plan national de développement mu kirimi c’igifaransa. Uwo mugambi ukazomara imyaka 10 kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027.

President Petero Nkurunziza mw’ijambo ryiwe yasavye ayo mahinguriro guha akazi urwaruka kugira ntirusubire kwirukira mu makungu ruja kurondera akazi ahandi aho bafatwa nabi kandi bagateza imbere ibindi bihugu. President Petero Nkurunziza yibukije kandi ko Uburundi bufise impano nyinshi haba ubutare, amazi, ivyamwa, n’ikiyaga Tanganyika.

Yaciye aboneraho n’akaryo ko gusaba umushikiranganji w’amashure mato mato ayisumbuye n’ayimyuga gushiraho ivyigwa bijanye n’akazi ko mu mahinguriro aca asaba kandi umushikiranganji w’ubudandandi n’amahinguriro gutegura no kwandika umugambi ujanye n’ingene amahimguriro azokwiragizwa m’Uburundi.

Recommended for you