NEWS

Igwirirana Ry’Amafaranga Yo Mu Buhinga Bwa None, Bitcoin: Intambamyi Ku Gukoresha Ifaranga Rimwe Muri EAC.

on

Amafaranga yo mu buryo bwa none, ayitwa Bitcoin, ariko arakwiragira mw’isi yose kandi akaba amaze no kwemezwa mu bihugu bitari bike kw’isi ko yokoreshwa nk’ayandi mafaranga. Iryo faranga ry’agaciro Bitcoin ririko riratuma haba intambamyi mu mugambi w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko wo gukoresha Ifaranga rimwe.

Nk’uko urubuga bitcoin.com rutangaza ivy’ayo mafaranga yo mu buryo bwa none bita Digital currency, ayo mafaranga ari hejuru gose ku buryo Bitcoin rimwe ririmwo amadolari yabanyamerika 15 000 US $, nk’amafaranga y’amarundi imiliyoni hafi 50.000 000 FBU.

Rero, bivanye n’ugutituka kw’amafaranga yo mu bihugu bimwe bimwe vya afrika y’Ubuseruko, EAC iriko iraraba ko yoshiraho ibanki ihuza bose ya Afrika y’Ubuseruko ihuza ibihugu bitandatu vya EAC harimwo n’Uburundi,ariko rero ukugwirirana kw’amafaranga yo mu buryo bwa none, Bitcoin, kuratuma bigorana gushika kuri uwo mugambi.


Nk’akarorero, Ibanki yo muri Tanzaniya, BOT, iramenyesha amakenga yayo ku bijanye n’ukuntu abanyagihugu benshi bariko barashira imitahe yabo muri ayo mafaranga yo mu buryo bwa none Bitcoin. Bernard Dadi, uwusanzwe akora muri banki nkuru ya Tanzania yamenyesheje amakenga yiwe ati: “ Intumbero y’uwatanguje ayo magfaranga yo muburyo bwa none Bitcoin iratandukanye n’umugambi wa EAC wo gushiraho ifaranga rimwe. Nk’uko bizwi, hariko harakorwa ibishoboka kugira hajeho ifaranga rimwe muri EAC, harabwe n’ingeramizi z’igwirirana rya Bitcoin”.

Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko biraciga neza nimba ayo mafaranga yo mu buryo bwa none Bitcoin yokoreshwa mu karere ka EAC. Mwomenya ko mu Burundi hari abantu bamwe bamwe bamaze gutangura gutohoza ivyerekeye Bitcoin maze bakaba bamaze kugerageza gushirayo imitahe yabo. Bitcoin ni amafaranga yo mu buhinga bwa none adafatwa mu ntoki, ariko aguma azunguruka mu bayakoresha hisunzwe imitahe bayashizemwo.

Recommended for you