NEWS

Igituma haba imirongo miremire kubituro vy’amabisi

By

on

Imirongo miremire ibandanya kwibonekeza kubituro vy’amabisi mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bikunyugwa nuko igitoro co mu bwoko bwa mazout kimaze igihe kitaboneka ku mastation imiduga igitorerako.

Charles Ntirampeba, umunyamabanga w’ishirahamwe ATRABU, akavuga ko uko kubura kw’amazout kuri mubituma imirongo miremire igwirirana cane kubituro vy’amabusi cane cane ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Charles Ntirampeba akavuga kandi ingorane y’amabarabara atagutse ari mugisagara ca Bujumbura bigatuma amabisi adasubira vuba kumirongo.

Uwo munyamabanga w’ishirahamwe ATRABU agasaba ko Leta yoreka kurihisha amatagisi kumiduga yamabisi yakoze izanwa gukorera mu Burundi, murico gihe akavuga ko ayo mabisi yoca agwira.

Kumastation menshi y’ibitoro, igitoro co mu bwoko bwa mazout kikaba kitaboneka haba station iri ahahoze ihoteli Novotel, kwa Katikati, kuri Cameon, kuri Interpetrol hose ntagitoro co mu bwoko bwa mazout gikwiye kihari, ikihari naco bagiha abafise amasezerano nayo mastation gusa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubutare n’amasoko ntanganguvu, Leonidas Sindayigaya, amenyesha ko bagiye kugirisha inama n’abanyene amastation kugira bige ico kibazo.

Recommended for you