NEWS

Igitoro n’inzoga zimwe zimwe za Brarudi vyakenye

By

on

Haraciye igihe kitari gito igitoro co mu bwoko bwa essence cabuze ku mastations menshi yo mu gisagara ca Bujumbura no mu gisagara ca Gitega. Imirongo myinshi y’imiduga itandukanye ikaba yibonekeza aho iyo miduga isanzwe inywera igitoro canke aho bacumvise kiri.

Abatembereza iyo miduga bakavuga ko agahombo ari kenshi kuko amahera bahora binjiza muri kino gihe adaheza ngo yinjire. Ibiciro vy’amatike navyo biratanguye kuduga kuko ico gitoro aho kibonetse kica kiduzwa. Eka n’imfungurwa zitwarwa n’imiduga ziratanguye gukena aho zahora zishikira kumasoko ivyo bigatuma ziduga ibiciro.

Ibindi bidandazwa vyakenye n’ibinyobwa bimwe bimwe vy’ishirahamwe Brarudi aha twovuga nka Bock, Amstel ndende hamwe na Bechou aho bitaboneka mu bunywero bwinshi mu gisagara ca Bujumbura eka no mu bindi bisagara vy’igihugu. Abasanzwe bavyihereza bakavuga ko baca banwa ivyo batifuza batahora banwa. Abashinzwe kumenyeshamakuru mw’ishirahamwe Brarudi bakavuga ko baza kumenyesha icabitumye kumuhingamo wo kur’uyu wa kabiri.

Recommended for you