NEWS

Igitoro ca Esanse casubiye kubura i Bujumbura

By

on

Ibura ry’igitoro co mu bwoko bwa Esanse ryasubiye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura kuva kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 7Ruhuhuma umwka wa 2018.

Ivyo bishitse mu gihe haciye imisi mike ibiciro vy’igitroro bidugijwe n’igisata kibijejwe.

None ko hari haciye imisi ico gitoro gusa n’icabonetse ,iryon kena ryaco rija ryisubiriza ata n’imisi myinshi ihaciye bitumwa niki ???

Abantu batonze ku mirongo barindiriye igitoro ca esanse

Bamwe mu bunguruza abantu n’ibintu mu gisagara ca Bujumbura bamenyeshako bafise ubwoba ko ico gitoro kihava kiduzwa igiciro kuko n’iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro riheruka vyadugijwe aruko haciye imisi cakenye.

Ubura ry’amafaranga y’agaciro biri mu bivugwa ko ariyo mpambamyi kenshi ituma ico gitoro kibura kuko abaza kukirangura hanze y’igihugu babura amafaranga y’agaciro bitwaza.

Haba abunguruza abantu n’ibintu eka n’abayunguruza bakoresheje imiduga basaba abajejwe ico gisata c’igitoro gutorera umuti iyo ngorane ry’igitoro ca Esanse ryabaye ndanse.

Bisigaye ari umugenzo ikintu kibuza k’urugero rwo hejuru,iyokibonetse kica kiduzwa igiciro nk’uko vyagenze ku muyagankuba.

Recommended for you