NEWS

Igitero ku ngoro y’umugambwe ya CNDD-FDD i Bubanza.

on

Mw’ijoro ryo kuri uyu wa mungu itariki 9 Ruheshi 2019, niho haba igitero ku ngoro y’umugambwe ya CNDD-FDD muri Komine Mpanda mu ntara ya Bubanza.

Ayo makuru akaba yemezwa n’umuvugizi w’igipoli, Pierre Nkurikiye. Nkurikiye amenyesha ko haje imodoka yo mu bwoko bwa Dyna mu masaha ya 23h30 itumbera iyo ngoro y’umugambwe ya CNDD-FDD ata matara yakije maze haca haba ugutana mu mitwe.

Nkurikiye akabandaya amenyeshak ko habaye ukurasa amasasu iyo kamyo ihashitse maze iyo kamyo ica irasubira inyuma ata matara yigeze yatsa, ku bwivyo ikaba itamanyekanye.

Nk’uko Pierre Nkurikiye abandanya abimenyesha, ayo masasu akaba yaratumye iyo ngoro y’umugambwe ya CNDD-FDD yononekara ku biyo hamwe no ku ruhande rw’imbere.

Nkurikiye akavuga ko ata muntu yahasize ubuzima maze amatohoza akaba ariko araba kugira hamenywe abakoze ico giterpo kuri iyo ngoro ya CNDD-FDD.

Recommended for you