INTERNATIONAL NEWS

Igisoda Ca Amerika Camanuye Indege Y’Intambara Ya Syria.

By

on

Kuva intanbara itanguye muri Syria mu mwaka wa 2011,Indege y’ingwano ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yarashe kur’uyu wa mungu ejo indege ya Siriya, inyuma y’aho iyo ndege ikoreye igitero ku bagwanyi basanzwe bafashwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bari mu gikorwa co kugwanya umuhari wa Reta Kisilamu.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko iyo ndege ya Siriya ‘yakoze igitero ku kirindiro c’abagwanyi bari hafi y’igisagara ca Tabqah. Ubwo bushikiranganji buvuga ko iyo ndege yaciye iraswa’.

Nta catangajwe ku bijanye n’abaguye mur’ico gitero.Ariko Televiziyo ya Syria yamaze gutangaza ko umushoferi wiyo ndege ataramenyekana irengero ryiwe.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko abagwanyi bufasha batariko bagwanya Reta ya Siriya, canke ya Iraki, yamara ko bari mu gikorwa co gutuza umuhari wa Reta ya Kisilamu, kandi ko batazohesha kwivuna ku gitero kije kibagana.

Ubushikiranganji kandi bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje ko “iyo ndege yarashwe mu buryo bwo kwerekana inguvu”, na rirya iyo ndege ‘yari yahawe imburi ariko iyirengako’.

Ivyo bibaye mu gihe igihugu c’Uburusiya gusanzwe ari somambike wigihugu ca Syria gitangarije ko Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitosubira kurasa abasoda ba leta ya Syria inyuma yaho Amerika irasiye ibiduga vyingwano vya Gusirikare vya Syiria mu kwezi guheze.

None Uburusiya bugiye kuvyifatamwo gute na rirya Amerika yarenze kuvyo Uburusiya bwategetse?Ikiboneka coco nuko Amerika itangaza ko itazokwihanganira ikizoza kibangamira abasoda babo bafasha mu kugwanya Umuhari w’iterabwoba Etat Islamique.

Recommended for you