Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsIgisirikare ca Ukraine kitangaza ko casambuye ubwato bukomeye bw-intambara bw-uburusiya bwari...

Igisirikare ca Ukraine kitangaza ko casambuye ubwato bukomeye bw-intambara bw-uburusiya bwari i Mariupol.

Igisirikare ca Ukraine caraye gitangaje kuri uyu wa kane ko casambuye  ubwato bukomeye butwara ibirwanisho  n-abasirikare vy-uburusiya ku kivuko c-i Mariupol.Ubwo bwato buzwi kw-izina rya Orsk ni ubwato bushobora gutwara ibirwanisho rutura bingana 20, ibiduga vy-intambara bitamenwa n-ibisasu bigera kuri 45 hamwe n-abasirikare.Image

Kuri uyu wa Kane, Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu mazi catangaje ko casambuye ubwato bw-intambara bw-uburusiya  bwitwa Orsk, bukaba bwasambukiye ku cambo ca Berdyansk. Amasanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana ko habaye uguturika gukomeye.

Kugeza ubu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw-uburusiya ntaco burashima gutangaza kw-ivyo vy-ubwo bwato bwabo bwasambuwe. Tubamenyeshe ko igisirikare c-uburusiya kirwanira mu mazi gifise uruhara rukomeye  mu kugemurira ingabo zirwanira ahantu h-ingenzi  ku nkengera y-amaja epfo ya Ukraine.

Must Read