NEWS

Igisirikare ca Kongo kivuga ko cishe abarobeli b’Abarundi 36 muri Uvira.

on

Igisirikare ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo camenyesheje ejo ku wa 11 Ndamukiza 2019 ko cishe abarobeli b’Abarubdi barwanira muri Kivu y’amajepfo bashika ku 36, niko Ikinyamakuru Defense Post kibivuga hamwe na AFP.

Igisirikare ca Kongo FARDC cari cakoze ico bise’ ugutuza’ abarobeli mu buseruko bwa Kongo mu misi itatu.l

Captain Dieudonne Kasereka yavuze ko ‘abasirikare batatu ba Kongo bapfuye hama bane barakomereka mu migwano yabahuje n’imirwi y’abarobeli b’Abarundi ariyo ‘FNL ya Aloys Nzabampema na FOREBU ya Radjabu Hussein’.

Captain Dieudonne Kasereka akamenyeshaha kandi ko abategetsi babiri bo ku rwego rwo hejuru ba FNL bishwe, hama umukuru wa FNL nawe, ‘Aloys Nzabampema nawe arakomereka cane’.

Imirwano ihuza abasirikare ba Kongo, FARDC irakunze kubera mu buseruko bwa Kongo na cane cane mu ntara ya Sud Kivu, mu gace ka Uvira ku bilometero bike na Bujumbura mu Burundi.

Igisirikare ca Kongo kikaba kimenyesha ko cagiriza imihari FNL na FOREBU gukorana n’imirwi irwana muri Kongo mu guhohotera abanyagihugu no ku bica.

 

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply