NEWS

Igisirikare ca Kongo kimenyesha ko inyeshamba zikura ibirwanisho mu Burundi.

on

Igisirakere ca leta ya kongo, FARDC, camenyesheje ko imirwi igwanira mu buseruko bw’ico gihugu nka Sud-Kivu na Uvira, ikura ibirwanisho ikoresha biturutse mu gihugu c’Uburundi.

Nk’uko ikinyamakuru kimwe kibimenysha, FARDC ivuga ko imaze gufata  abantu benshi bava i Burundi binjiranye inkoho.

Gen Rugayi David ayoboye ibitero muri Kivu y’Amajepfo avuga ko amakuru bafise bahabwa n’abanyagihugu ari uko abahungabanya umutekano bakoresha inkoho baguze mu gihugu c’Uburundi, isoko ry’iyi nkuru niko rivuga.

Rugayi David abandanya avuga ko hari Abasirikare 16 ba RD Congo bafashwe bagirizwa gukorana n’imirwi irwanira mu duce twa Uvira.

Rugayi David avuga ati”: Hari ikimenyetso c’umugore yafashwe afise amasasu 600 avuye i Burundi yinjira muri Kongo. Abandi bagera kuri batatu nabo bafashwe bafise amasasu bakuye i Burundi bayashiriye umurwi w’Aba Mai Mai na FNL mu misozi ya Rusizi”.

Bivuye kuri ayo makuru rero, FARDC ica ishika ku ngingo ko imirwi y’Abarwanyi irwanira mu buseruko bwa Kongo yoba ikura ibirwanisho mu gihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko mu buseruko bwa Kongo hariyo imitwo myinshi irwanira mu duce twa Kivu y’epfo nka RED Tabara, FOREBU na FNL ya Aloys Nzabampema yo mu Burundi, Umurwi wa Mai Mai, FDLR(Rwanda) hamwe niyindi mirwi.

Recommended for you