INTERNATIONAL NEWS

Igisirikare ca Kongo Kimenyesha Ko ‘Caherengeteje’ Abarobeli Mu Buseruko Bw’ico Gihugu.

on

Umukuru w’igisiriakre ca Republika Iharanira Demokrsi ya Kongo yaraye amenyesheje ejo ku musi wa gatanu ko umurwi w’abarwanyi urwanya abasoda ba leta “waherengetejwe buhere” mu buseruko bw’ico gihugu, mu kwica n’imiburiburi abarwanyi 48, hongera hafatwa 150 maze akarere karagaruka mu minwe ya leta, nk’uko AFP ibimenyesha.

Imirwano yo gusubiza inyuma umurwi w’aba Mai Mai urongowe na William Amuri Yakutumba yahunze igisirikare, yatumye abashika hafi 8000 bahungira mu Burundi baciye mu kiyaga Tanganyika bivanye n’imirwano ikaze yariko ibera mu buseruko bwa Kongo mu karere ka Sud-Kivu.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Major Louis-Claude Tshiwanga, yamenyesheje ejo ku wa gatanu ati: “ Igikorwa co gutuza uwo murwi cararoniwe cane, izo nkozi z’ikibi zaherengetejwe. Nta yindi mirwano iriko iraba, kandi turiko turangiza abaroberi binyegeje”. Yamenyesheje ko kuva ico gikorwa gitanguye, ‘aba Yakutumba 48 bishwe, 150 muri bo barafatwa’.

Igisirikare kikaba carerekanye abo barwanyi bafashwe hamwe n’inkoho z’abo barwanyi zafashwe ku bamenyeshamakuru ku musi wa akane I Uvira. Abantu bo muri ico gisagara ca Uvira bakaba batanguye gusubira ku mirimo.

Ariko rero, amakuru amenyeshwa n’abajejwe umutekano ba Kongo amenyesha ko umukuru w’uwo murwi ariwe yakutumba atarafatwa ariko ko ashobora kuba yarakomeretse mu mirwano yo mu ndwi iheze. Hari imirwi ibiri irwanira mu Ntara za Sud Kivu(Yakutumba) na Nord Kivu( umurwi w’intagondwa z’aba islamu zo mu buganda : Allied Democratic Forces (ADF).Iyo mirwi yose ikaba irwanira utwo turere kubera ko turimwo amabuye yagaciro menshi.

Recommended for you