Inyuma yaho buramatari w-intara ya Rumonge hamwe n-umuvugizi w-ubushikiranganji bw-umutekano batangarije ko igisirikare kirwanira mu mazi y-ikiyaga Tanganyika mw-ijoro ryo kuwa mbere rishira kuwa kabiri cishe abasuma babiri, Umuvugizi w-igisirikare ca Congo nawe yahavuye yemeza ko abo bantu babiri barashwe ari abasirikare b-ico gihugu basanzwe bacungera umutekano mu kiyaga Tanganyika.
Nk-uko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, n-uko ugutana mu mitwe hagati y-ivyo bisirikare bibiri vyatewe nuko hatabona mu kiyaga Tanganyika, ivyatumye haba ukutuvugana neza hagati y-ivyo bisirikare bibiri. Mw-uko gutana mu mitwe y-izo mpande zibiri zatumye abasirikare babiri b-igihugu ca Congo bahasiga ubuzima hama uyundi afatwa mpiri n-igisirikare kirwanira mu mazi c-uburundi. Ibiganiro hagati y-ivyo bisirikare bibiri biriko biraba kugira uwo yafashwe ashobore kurekurwa ndetse asubizwe mu gihugu ciwe.
Naho biri uko, umwe mu ntwazangabo y-igipolisi c-uburundi yaganiriye na Sos Medias yemeza ko baravye ukwo abo bantu baje mu kiyaga k-uruhande rwegereye uburundi birerekana neza ko bari abasuma bakunze kwibonekeza mu busuma bukorwa mw-ico kiyaga . Umuvugizi w-igisirikare c-uburundi akaba ataco arashikiriza kw-ivyo vyatangajwe n-umuvugizi w-igisirikare ca Congo.