Friday, December 2, 2022
HomeNewsIgisirikare ca Congo gitangaza ko abarundi barenga 30 bafashwe bashaka kwinjira imihari...

Igisirikare ca Congo gitangaza ko abarundi barenga 30 bafashwe bashaka kwinjira imihari y-abarwanyi.

Umuvugizi w-abasirikare ba Congo bari mu gikorwa c-igisirikare bise Sokola 2 muri Kivu yo mu bumanuko amenyesha ko abarundi bafashwe bagizwe ahanini n-urwaruka  bari bajabutse uruzi Rusizi bavuye mu Burundi mu ntumbero yo kwiba inka hamwe no kwiyandikishiriza kwinjira mu mirwi y-abitwaje ibirwanisho  irwanira mw-ako karere.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Dieudonné Kasereka , umuvugizi w-uwo murwi w-abasirikare bari mw-ico gikorwa c-igisirikare Sokola 2 muri kivu y-ubumanuko asigura ko iryo fatwa ry-abo barundi  ryakunze kubera babifashijwemwo n-abanyagihugu bo mw-ako karere.May be an image of child, sitting, outdoors and text that says 'SHOT ON P15 itel DUAL CAMERA'

Tubamenyeshe ko iyo miyabaga 30 yafatiwe i Sange mw-ijoro ryo ku musi wa kabiri. Ni mu karere ka Uvira mu ntara ya Kivu y-ubumanuko mu buseruko bwa Congo iharanira intwaro rusangi. Leta y-uburundi ntaco irashikiriza kw-ayo makuru y-abo barundi bafashwe n-igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Must Read

Perezida Kagame yagiriza Tshisekedi kwitwaza intambara ya M23 kugira yunguruze amatora...

0
Umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yagiriza mugenzi we w’igihugu ca Congo, Felix Tshisekedi ko yoba afise imigambi yo kwitwaza ibibazo vy’umutekano muke urangwa mu...