NEWS

Igisirikare ca Congo cemeje ko cishe Général Jean Pierre Gaseni atwara FLN-MRCD

By

on

Ingabo za Congo iharanira Demokarasi, FARDC, mu bikorwa vyazo vyo gukizura igihugu ca Congo zemeje ko zishe umugeneral yitwa Jean Pierre Gaseni atwara ingabo z’umuhari FLN-MRCD uvuga ko winshinze kubohoza Urwanda no kuzana impinduka na demokarasi mur’ico gihugu.

Ico gitero izo ngabo za FARDC zivuga ko cakozwe kur’uyu wa gatandatu, hakaba hakoreshejwe ingabo zigwanira hasi no mu kirere. Uwo muhari FLN ukaba wagiye kumenyekana cane uvugirwa na Major Callixte Nsabimana batazira Sankara yafatiwe mu gihugu ca Comores acajanwa mu gihugu c’Urwanda. Uwo muhari ukaba ari ishami ry’umuhari wa politique witwa MRCD wa Paul Rusesabagina, umunyarwanda aba mu gihugu ca Leta zunze Ubumwe bw’Amerika.

Bikaba bivurwa ko uwo muhari FLN wagiye kumenyekana kandi mu bitero uheruka gukora uciye i Burundi uvuye i Congo muri Province ya Sud Kivu utera Urwanda muri District ya Nyarugusu aho abanegihugu babanyarwanda 10 bapfuye, 19 barakomereka n’ibitungwa birasahurwa nkuko bivugwa n’ikinyamakuru Igihe.

Recommended for you