INTERNATIONAL NEWS

Igisirikare ca Amerika c’ikirere gusa kigiye gushirwaho gushika mu 2020.

on

Mu gihe leta ya Donald Trump yaraye imenyesheje ko hagiye kujaho igisirikare c’ikirere( Space force) kizoza kirwanira mu kirere congera gikontorora ibibebera mu birere bitandukanye mbere no gushika ku yindi mibumbe nka za Mars, benshi baribaza nimba intambara ya gatatu y’isi yose niyaduka izogwanirwa mu kirere.

Leta ya Donald Trump ikaba yabimenyesheje biciye ku cegera ciwe, Mike Pence, ko igisoda c’ikirere kigiye gushirwaho gushika mu mwaka wa 2020. Bikaba vyitezwe ko ico gice c’igisirikare ca Amerika kizoba kiri co kimwe niyindi mice y’igisrikare ca Amerika nka US Army, US Navy and the US Air Force.

Ikinyamakuru Sylicon Republic dukesha iyi nkuru kikamenyesha ko ‘kumbure intambara ikomeye izokurikira izogwanirwa ku nyenyeri” nka kumwe kwa ya ma sinema bataziriye “Star wars”.

Naho biri uko, Pence yamenyesheje ko ‘Uburusiya bwagumye bukora ikirwanisho kinyaruka buravyo co mu bwoko bwa Laser kugira gihungabanye umugambi w’igisirikare ca Amerika c’ikirere’.

Pence akaba yamenyesheje ko ‘hageze ko Amerika yandika amateka muri kahise kugira yiyemeze neza ko icungererye ikirere cose ku ntamabamyi zikunze kwibonekeza zizanwa n’ibihugu bishaka kwigira ibihangange”.

Ivyo akaba yabimenyesha afise mu bwenge ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburusiya kubera navyo biticaye mu kugerageza kuja hejuru y’ibindi. Tukamenya ko ubushinwa buherutse gushira ahabona indege inyaruka gusumba ijwi( hypersonique) ishobora kuburizamwo indege zose zoba ziriko zizunguruka mu kirere.

Recommended for you