NEWS

Igisata c’ikawa kirabangamiwe

By

on

Mu nama yagirishije abajejwe igiterwa c’ikawa m’Uburundi kur’uyu wa mbere i Ngozi, Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, yabahaye indwi zibiri gusa bazobe bakoze ibishoboka ico gisata gisubire kizane amahera y’agaciro mu gihugu.

Ingingo nk’izo gukuramwo abimbura ikawa batariha amatagisi n’amakori n’abadatahana amahera y’agaciro bahejeje kuyigurisha hanze ngo zigiye gufatwa. Ico gisata kikaba cashizwe mu maboko y’abagenga gikurwa mu minwe ya Leta mu mwaka w’i 2000 bibaza ko ariho hazoboneka akarusho ariko haciye haba igihushane.

Ico gikorwa cari cashigikiwe n’Ibanki y’Isi Yose, Banque Mondiale m’ururimi rw’igifaransa. Iyo Banki yari yibabaza ko umurimyi w’ikawa azohatorera akoyoko n’umwimbu ukongerekana ariko vyose vyaciye vyunyuka.

Ikigo ARFIC kijejwe gukurikirana abarimyi b’ikawa kikamenyesha ko ikawa izana amahera angana ibice 60 kw’ijana mu kigega ca Leta kandi ikawa ikaba itunze abantu bashika imiriyoni 8 z’abarundi.

Recommended for you