INTERNATIONAL NEWS

Igisagara Ca Madrid Muri Espanye Catanguje Isekeza Ryo Kwiyamiriza Abagabo Bicara Batambikije Igihe Bafashe Ingendo!

on

Umukuru ajejwe kuraba ukwo ukwunguruza abantu n’ibintu mu Gisagara ca Madrid mu Gihugu ca Espanye yaratanguje isekeza ryo kwiyamiriza abagabo bicara batambikije(Manspreading) ku ntebe igihe bafata ingendo mu miduga canke mu ndege za bose,kuko ngo usanga babangamira uburenganzira abandi bafise bwo kwicara.

Nkuko tubikesha ibinyamakuru bitari bike vy’i Buraya,Haraheze nkindwi imwe umugwi w’bakenyezi muri Espanye utanguje ku rubuga rwa Twitter akajambo kitwa #MadridWithoutManspreading mu gisagara ca Madrid.Maze budakeye na kabiri haca haboneka abantu bashika ku 12000 baza bashigikira ko #Manspreading yokwiyamirizwa.

Uyu muntu mu kwicara atambikije vyatumye nabandi babura amahoro.

Ibiro bijejwe kwunguruza abantu muri Espanye vyamenyesheje ko “cane cane abagabo bakwiye kwubahiriza uburenganzira bwabandi igihe bicaye mu bibanza bafashe ingendo”.

Ijambo #Manspreading ryatangujwe mu mwaka wa 2015 maze rica rishirwa ku rutonde rwamajambo ya Kazinduzi Oxford Dictionary kuri internet,maze iryo jambo rikaba rimaze no gutangura gukora mu ndimi zitari zike haba ku mugabane wa Buraya,Amerika na Aziya.

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika,igisagara ca New York caratanguje iryo sekeza ryo kugwanya iyo ngeso yo kwicara umuntu atambikije na cane cane kubagabo,maze ku ma bisi yabo bandiko amajambo nka”bagabo…nta gutambikiza”[Dude…Stop The Spread].N’igisagara ca Philadelphie muri USA kikaba catanguye iryo sekeza.

No mu kibano co muri Afrika iyo ngeso ireze!Nahacu kwikebuka igihe twicaye tukaraba ko tutahonyanze uburenganzira bwabandi mu kubatwara ibibanza kandi nabo bakeneye kwicara bisanzuye.Ngo “Bibwirwa Benshi Bikumva Benevyo”.

Recommended for you