NEWS

Igiporosi c’Uburundi kiragabisha Aborwanya amatora y’akamarampaka yimirije.

By

on

Igiporisi c’Uburundi kiragabisha umuntu wese yohirahira agashaka gutoba igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha ryimirije guca mu matora mu kwezi kwa Rusama 2018.

Mu kiganiro yahye abamenyeshamakuru Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko inzego z’umutekani rwaronkejwe amategeko arugenga kugira rushobore gucungera amatora yose yimirije gutunganywa.

Ivyo umuvugizi w’igiporisi yabishikirije mu gihe haciye imisi mike havuzwe abantu bamaze gufatwa bari mu bandika abazotora bagirijwe kwandika umwidondoro utari kuri karangamuntu w’abaje kwiyandikisha.

Pierre NKURIKIYE yashikirije ati:“Nta mukino urimwo,igiporisi ntikizokwemera abigira akananiramahanga,igiporisi kibaye kirabagabisha.”

Pierre NKURIKIYE yavuze kandi ati: “Nta sokwe niruze,abantu bavyumve,uwuzowucana azoheza awote.”

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano yateye akamo urwaruka rukunda gukoreshwa n’abanyeporitike kwirinda kujana nyabahuru mu vya poritike.

Urwaruka kenshi nirwo rukunzwe gukoreshwa n’abanyeporitike mu gukora ibikorwa vyo kwonona canke gutunganya imyiyerekano.

Vyaribonekeje ko mu mwaka wa 2015 abenshi mu bitavye imyiyerekano hamwe bahanganye n’igiporisi c’Uburundi rwari urwaruka aho rwinshi rwahatakarije ubuzima urundi narwo rurangara

Pierre NKURIKIYE yagize ati: “Uraba wumva birenge niwe ubarirwa kandi inkware zisezerana mu masesa.”

Uyo avugira ubushikiranganji bw’umutekano asaba abantu bose kwubahiriza ibiringo bikuru vy’igihugu.

Haciye imisi havuzwe abantu bafatwa aha na hariya mu gihugu bagirizwa kuja barigisha kuzotora Oya mu matora y’ibwirizwa shingiro rishasha ryimirije ,ariko abatavugarumwe na Reta nabo bashikiza ko nabo beney bafise uburenganzira bwo guhimiriza gutora Oya kuko na Reta yamaze guhamagarira abarundi kuzotora Ego.

Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha yitezwe mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka wa 2018.

Recommended for you