NEWS

Igiporisi c’Uburundi kirahakana gukorana n’ishirahamwe CATED.

on

Igiporisi c’Uburundi gishikiriza ko ata baporisi bahitana abantu iyo bari mu bikorwa vyabo vya misi yose bijanye no gusaka.

Ivyo bishikirijwe inyuma yaho bamwe mu bakozi bo mu nzu barangurira imirimo yabo muri zone ya Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura,bashikirije amakenga yabo ajanye n’ abakozi bo mw’ishirahamwe rijejwe abakozi bo mu nzu CATD ribatoza amafaranga ku nguvu y’ikarata ndangabakozi baherekejwe n’abaporisi.


Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyeshako ata baporisi bajana n’abanyagihugu iyo bari mu gikorwa co gusaka kandi ndetse ko at aba porisi bigeze bajana n’abakozi bo mw’ishirahamwe CATD.

Uyo muvugizi w’igiporisi yagize ati: “ umuntu wese yoba aziko yoba yaratswe amafaranga n’iryo shirahamwe batigeze babivugana,tumusavye yiture igiporisi kizomutunganiriza. ”

Recommended for you