Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsIgiporisi c-uburundi kivuga ko cafashe umugabo ahora atwara abantu kwinjira mu muhari...

Igiporisi c-uburundi kivuga ko cafashe umugabo ahora atwara abantu kwinjira mu muhari RED TABARA.

Umuvugizi w-igipolisi c-uburundi yarerekanye kuri uyu wa kabiri umugabo aheruka gufatwa  yagirizwa ko ariwe atwara abantu baba bagiye kwinjira mu muhari urwanya Leta y-uburundi RED TABARA ufise ibirindiro mu Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Petero Nkurikiye akavuga ko mu nyuma imiryango y-abo bantu baba bagiye mw-uwo muhari iciza kuvuga ko ababo babuzwe irengero.Burundi: Amafaranga Angana N'Ibihumbi Mirongo Ibiri Vy'Ama Dolari  Y'Abany'America Niyo Yibwe Umuhindi Akorera Ishirihamwe Millenium Infosys.  – JMT Kirundi

Uwo yerekanywe ni umugabo yitwa Bibonimana Cyprien avuga ko yaramaze kurungika abantu babiri mu gihugu ca Congo kugira binjire mu muhari RED TABARA ariko amatohoza y-igipolisi kivuga ko cakoze uwo Bibonimana ngo yaramaze kurungika abantu benshi mw-uwo muhariurwana ufatwa na Leta y-uburundi nk-uw-iterabwoba.

«…Ni abantu bagenda mu mpisho, bakagenda badasezeye imiryango yabo hamwe n-ikibano cabo hamwe n-incuti n-abagenda muri ivyo. Hanyuma bene bo, imiryango n-incuti n-abagenzi aho kwegera inzego zisanzwe zikora amatohoza, bagaca bamwe bamwe hari nabaca babivuga mu maradiyo canke mu buhinga ngurukanabumenyi kuvuga ko abantu b-iwabo banyurujwe  canke bazimiye…» Niko Pierre Nkurikiye avuga.

Tubamenyeshe ko ubuheruka igipolisi c-uburundi cerekanye kw-iradiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB abanywanyi b-umugambwe CNL biyemereye ko bariko barondera abanywanyi binjira mu muhari urwana wa FNL urongowe n-uwitwa Aloys Nzabampema. Nahone, igipolisi camenyesheje ko ababa binjiye mw-iyo mirwi y-abarwanyi nibo abanyepolitike hamwe n-abaharanira agateka ka zina muntu bahava bagaruka mu gutangaza ko banyurujwe bakaburwa irengero.

 

Must Read