Umuvugizi w-igipolisi c-uburundi yarerekanye kuri uyu wa kabiri umugabo aheruka gufatwa yagirizwa ko ariwe atwara abantu baba bagiye kwinjira mu muhari urwanya Leta y-uburundi RED TABARA ufise ibirindiro mu Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Petero Nkurikiye akavuga ko mu nyuma imiryango y-abo bantu baba bagiye mw-uwo muhari iciza kuvuga ko ababo babuzwe irengero.
Uwo yerekanywe ni umugabo yitwa Bibonimana Cyprien avuga ko yaramaze kurungika abantu babiri mu gihugu ca Congo kugira binjire mu muhari RED TABARA ariko amatohoza y-igipolisi kivuga ko cakoze uwo Bibonimana ngo yaramaze kurungika abantu benshi mw-uwo muhariurwana ufatwa na Leta y-uburundi nk-uw-iterabwoba.
«…Ni abantu bagenda mu mpisho, bakagenda badasezeye imiryango yabo hamwe n-ikibano cabo hamwe n-incuti n-abagenda muri ivyo. Hanyuma bene bo, imiryango n-incuti n-abagenzi aho kwegera inzego zisanzwe zikora amatohoza, bagaca bamwe bamwe hari nabaca babivuga mu maradiyo canke mu buhinga ngurukanabumenyi kuvuga ko abantu b-iwabo banyurujwe canke bazimiye…» Niko Pierre Nkurikiye avuga.
Tubamenyeshe ko ubuheruka igipolisi c-uburundi cerekanye kw-iradiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB abanywanyi b-umugambwe CNL biyemereye ko bariko barondera abanywanyi binjira mu muhari urwana wa FNL urongowe n-uwitwa Aloys Nzabampema. Nahone, igipolisi camenyesheje ko ababa binjiye mw-iyo mirwi y-abarwanyi nibo abanyepolitike hamwe n-abaharanira agateka ka zina muntu bahava bagaruka mu gutangaza ko banyurujwe bakaburwa irengero.