NEWS

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora coba kigeze he?

By

on

Inyuma y’imisi 6 iheze igikorwa co kwandika abazokitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro gitanguye,umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora mu Burundi CENI umenyeshako ibiharuro vy’abamaze kwandikwa,bigeze k’urugero ryimirije bishimishije.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru umukuru wa CENI Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko igitigiri cabamaze kwandikwa gushika ubu kigeze ku bice 56 kw’ijana.

Pierre Claver NDAYICARIYE ,Umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI

Naho umukuru wa CENI yabimenyesheje uko,haravugwa ingorane ziri murico gikorwa na cane cane aho abanyagihugu bo mu ntara zimwe zimwe bategekwa kuza kwiyandikisha ku nguvu kandi kujayo ari k’ubushake bw’umuntu.

Murico kiganiro,Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze kwabamaze kwandikwa bose mu gihugu cose gushika kuruyu wa mbere uheze bangana 2.505.829 bagizwe n’abagabo 1.298.453 hamwe n’abagore 1.207.376,mu gihe abategekanijwe kuzokwitaba amatora yo mu mwaka wa 2020 bangana 4.452.679.

Mwomenya ko igikorwa co kwandika abazokwitaba amatorakwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha hamwe n’amatora yo mu mwaka wa 2020 catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhma 2018 bigategekanywa guhera kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.

Recommended for you