NEWS

Igikorwa co gushiraho abagize imirwi y’amotora mu makomine CECI ntibishimwa na bose

By

on

Mu gikorwa co gushiraho abantu bagize imirwi y’amatora ku rwego rw’amakomine nticakiriwe neza kuri bamwe mu migambwe eka nabo mu mashirahamwe ataharanira inyungu za poritike aho bavuga ko mu gutora abo bagize iyo mirwi bahengamiye k’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

Imirwi y’amatora ajejwe gutunganya amatora ku rwego rw’amakomine yategerezwa kujamwo abantu batandukanye abo akaba ari abanyamigambwe,abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike eka n’abaserukira amadini.

Mu ma komine menshi atandukanye,abakuru b’imirwi ijejwe gutunganya amatora muri komine bava ku mugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD.

Benshi baribaza nimba abandi bava mu yindi migambwe canke mu mahsirahamwe adaharanira inyungu za poritike eka n’abava mu mashengero batoshobora kuja murico kibanza.

Mu gisagara ca Bujumbura amashirahamwe amwamwe adaharanira inyungu za poritike yarashikirije impungenge zayo ko yatanze abantu batandukanye murivyo bibanza ariko ataronkejwe abantu.

Urunani rw’amizero y’abarundi mu ntara ya Bubanza baridoga ko bataronse umuntu numwe aja muriyo mirwi mu makomine ya Mpanda na Gihanga,eka n’ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA naryo nyene ryashikirije ko ryari ryatanze abanywanyi batari bake aho i Bubanza kandi bakwije ibisaba ariko baronkejwe bake mubo bari biteze.

None ko amategeko ategekanya ko iyo hari impari ku bijanye n’umuntu uyu canke uriya aba yatowe hadakwirikijwe amategeko ko asubirizwa,vyoba vyitezwe ko bamwe murabo bashikirijwe n’ama CEPI tandukanye mu gihugu ko bashobora gusubirizwa ?

Mwomenya ko igeneketezo rya 15 uku kwezi kwa nzero niho abo bashikirijwe bazorahira kurivyo bukorwa bazoba bajejwe.

Recommended for you